Traducción al Kirundi - Yusuf Ghahiti
Traducción de los significados del Sagrado Corán
Traducida por Yusuf Ghayiti. Publicada por la Fundación Africana para el Desarrollo.
أَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي يُكَذِّبُ بِٱلدِّينِ
Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka?
فَذَٰلِكَ ٱلَّذِي يَدُعُّ ٱلۡيَتِيمَ
Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo;
وَلَا يَحُضُّ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ
Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene.
فَوَيۡلٞ لِّلۡمُصَلِّينَ
Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya;
ٱلَّذِينَ هُمۡ عَن صَلَاتِهِمۡ سَاهُونَ
Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo;
ٱلَّذِينَ هُمۡ يُرَآءُونَ
Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu;
وَيَمۡنَعُونَ ٱلۡمَاعُونَ
Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[1].
share_via