കയ്രൂന്ദി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഗുഹൈതി
വിശുദ്ധ ഖുർആൻ അർത്ഥവിവർത്തനം
വിവർത്തനം : യൂസുഫ് ഗുഹൈതി (ആഫ്രിക്കൻ ഡെവലപ്മെൻ്റ് ഫൗണ്ടേഷൻ പ്രസിദ്ധീകരിച്ചത്).
بِسۡمِ ٱللَّهِ ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
ٱلرَّحۡمَٰنِ ٱلرَّحِيمِ
Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
مَٰلِكِ يَوۡمِ ٱلدِّينِ
Umwami Aganza umusi w’impera;
إِيَّاكَ نَعۡبُدُ وَإِيَّاكَ نَسۡتَعِينُ
Ni Wewe gusa twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanagusenga, kandi ni Wewe gusa dutakambira mu gusaba imfashanyo.
ٱهۡدِنَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ
Turongore mu nzira igororotse;
صِرَٰطَ ٱلَّذِينَ أَنۡعَمۡتَ عَلَيۡهِمۡ غَيۡرِ ٱلۡمَغۡضُوبِ عَلَيۡهِمۡ وَلَا ٱلضَّآلِّينَ
Inzira y’abo Wahezagiye Ukabaha inema, itari iy’abo Washavuriye (abayahudi) canke iy’abahuvye (abanaswara).
share_via