Header Include

Kirundi translation - Yusuf Gheti

Translated by Yusuf Gheti - Issued by African Development Foundation

QR Code https://quran.islamcontent.com/om/ikirundi_gehiti

وَيۡلٞ لِّلۡمُطَفِّفِينَ

Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo);

ٱلَّذِينَ إِذَا ٱكۡتَالُواْ عَلَى ٱلنَّاسِ يَسۡتَوۡفُونَ

Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu.

وَإِذَا كَالُوهُمۡ أَو وَّزَنُوهُمۡ يُخۡسِرُونَ

Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero.

أَلَا يَظُنُّ أُوْلَٰٓئِكَ أَنَّهُم مَّبۡعُوثُونَ

Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze!

لِيَوۡمٍ عَظِيمٖ

Ku musi w’intureka zihambaye.

Ku musi w’intureka zihambaye.

يَوۡمَ يَقُومُ ٱلنَّاسُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose.

كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡفُجَّارِ لَفِي سِجِّينٖ

Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”.

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سِجِّينٞ

Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co?

كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ

Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo.

وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ

Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi;

ٱلَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ

Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera.

وَمَا يُكَذِّبُ بِهِۦٓ إِلَّا كُلُّ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ

Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa;

إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”.

كَلَّاۖ بَلۡۜ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze.

كَلَّآ إِنَّهُمۡ عَن رَّبِّهِمۡ يَوۡمَئِذٖ لَّمَحۡجُوبُونَ

Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1];

[1] Iyi Aayah, irerekana ko abemeramana ari bo bazobona Imana yabo Rurema Allah mu Bwami bw’ijuru.
Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1];

ثُمَّ إِنَّهُمۡ لَصَالُواْ ٱلۡجَحِيمِ

Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote;

ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ

Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”.

كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡأَبۡرَارِ لَفِي عِلِّيِّينَ

Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru.

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا عِلِّيُّونَ

Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!

Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!

كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ

Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo;

يَشۡهَدُهُ ٱلۡمُقَرَّبُونَ

Bibonwa n’abamalayika b’abishikira.

Bibonwa n’abamalayika b’abishikira.

إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٍ

Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru;

عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ

Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;

تَعۡرِفُ فِي وُجُوهِهِمۡ نَضۡرَةَ ٱلنَّعِيمِ

Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah;

يُسۡقَوۡنَ مِن رَّحِيقٖ مَّخۡتُومٍ

Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe.

خِتَٰمُهُۥ مِسۡكٞۚ وَفِي ذَٰلِكَ فَلۡيَتَنَافَسِ ٱلۡمُتَنَٰفِسُونَ

Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa.

وَمِزَاجُهُۥ مِن تَسۡنِيمٍ

Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”;

عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا ٱلۡمُقَرَّبُونَ

Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako.

إِنَّ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ كَانُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَضۡحَكُونَ

Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi;

وَإِذَا مَرُّواْ بِهِمۡ يَتَغَامَزُونَ

Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro;

وَإِذَا ٱنقَلَبُوٓاْ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمُ ٱنقَلَبُواْ فَكِهِينَ

Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana;

وَإِذَا رَأَوۡهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَضَآلُّونَ

Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”.

وَمَآ أُرۡسِلُواْ عَلَيۡهِمۡ حَٰفِظِينَ

Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere.

فَٱلۡيَوۡمَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنَ ٱلۡكُفَّارِ يَضۡحَكُونَ

Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;

Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;

عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ

Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;

هَلۡ ثُوِّبَ ٱلۡكُفَّارُ مَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ

Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”.

Footer Include