ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ
ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ
ٱلۡقَارِعَةُ
Umusi nkuramutima.
مَا ٱلۡقَارِعَةُ
Mbega, ni igiki umusi nkuramutima?
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡقَارِعَةُ
Ni igiki cokumenyesha ico ari co umusi nkuramutima?
يَوۡمَ يَكُونُ ٱلنَّاسُ كَٱلۡفَرَاشِ ٱلۡمَبۡثُوثِ
Ni umusi, abantu bazozuka batagira iyo baja n’iyo bava, bashwiragiye nk’ibinyugunyugu bishwiragijwe;
وَتَكُونُ ٱلۡجِبَالُ كَٱلۡعِهۡنِ ٱلۡمَنفُوشِ
N’imisozi ikaba nk’ubwoya bw’isufi[1] busanzajwe, butumuriwe hejuru n’umuyaga.
فَأَمَّا مَن ثَقُلَتۡ مَوَٰزِينُهُۥ
Uwo wese rero, ivyiza vyiwe bizoremera ku munzani;
فَهُوَ فِي عِيشَةٖ رَّاضِيَةٖ
Uyo, ni we azoba mu buzima bushimishije mu Bwami bw’ijuru.
وَأَمَّا مَنۡ خَفَّتۡ مَوَٰزِينُهُۥ
Nayo uwo ivyiza vyiwe bizohwahuka ku munzani;
فَأُمُّهُۥ هَاوِيَةٞ
Uyo rero, uburuhukiro bwiwe ni mu manga ihonya.
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا هِيَهۡ
Mbega none, ni igiki cokumenyesha ico ari co imanga ihonya?
نَارٌ حَامِيَةُۢ
Ni umuriro udahera, ururumba.
مشاركة عبر