Header Include

ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ

ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ

QR Code https://quran.islamcontent.com/kn/ikirundi_gehiti

لَمۡ يَكُنِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ مُنفَكِّينَ حَتَّىٰ تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡبَيِّنَةُ

Abagararije mu bahawe Igitabu no mu babangikanyamana, ntibari kugera aho bavavanura n’ubugarariji, kugeza bashikiriwe n’icemeza kiboneka;

رَسُولٞ مِّنَ ٱللَّهِ يَتۡلُواْ صُحُفٗا مُّطَهَّرَةٗ

Ico cemeza, ni Intumwa ivuye ku Mana Allah, yaje ibasomera Qor’ani yanditswe ku mpapuro zitagiramwo agasembwa, zisukuye.

فِيهَا كُتُبٞ قَيِّمَةٞ

Harimwo ibimenyetso n’amategeko atomoye, arongora mu nzira igororotse.

وَمَا تَفَرَّقَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَةُ

Abahawe Igitabu, ntibiciyemwo imigwi ku vyerekeye ukwemera umuzo w’Intumwa Muhamadi[1], kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemeza kiboneka, cemeza ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana), ari yo Ntumwa y’Imana Allah basezeraniwe mu Bitabu vyabo.

[1] Abahawe Igitabu, bari basanzwe bazi neza ibiranga Intumwa igiye kuza, baranemera ko ari Intumwa y’ukuri bisunze ibiyiranga, ariko iyo Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana) imaze kuza, bariciyemwo imigwi; muri bo hari abayemeye baranayikurikira, hari n’abayihakanye baranayirwanya biturutse kw’ishari n’akarenganyo.
Abahawe Igitabu, ntibiciyemwo imigwi ku vyerekeye ukwemera umuzo w’Intumwa Muhamadi[1], kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemeza kiboneka, cemeza ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana), ari yo Ntumwa y’Imana Allah basezeraniwe mu Bitabu vyabo.

وَمَآ أُمِرُوٓاْ إِلَّا لِيَعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَ حُنَفَآءَ وَيُقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُواْ ٱلزَّكَوٰةَۚ وَذَٰلِكَ دِينُ ٱلۡقَيِّمَةِ

Nta n’ikindi bategetswe gukora mu mabwirizwa bahawe, atari ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga ari Imwe Rudende, beze idini ryayo batayibangikanya, batsimbataze n’amasengesho ku mwanya, banatange n’ishikanwa-bwirizwa. Iryo rero, ni ryo dini ry’ukuri, ni na bwo bwislamu.

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ فِي نَارِ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَآۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمۡ شَرُّ ٱلۡبَرِيَّةِ

Mu vy’ukuri, abagararije mu bahawe Igitabu n’ababangikanyamana, bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, bazowubamwo ibihe bidahera. Abo rero, ni bo babi cane mu biremwa.

إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أُوْلَٰٓئِكَ هُمۡ خَيۡرُ ٱلۡبَرِيَّةِ

Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe; abo rero, ni bo beza cane mu biremwa;

جَزَآؤُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّٰتُ عَدۡنٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۖ رَّضِيَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ وَرَضُواْ عَنۡهُۚ ذَٰلِكَ لِمَنۡ خَشِيَ رَبَّهُۥ

Impembo yabo ku Mana yabo Rurema Allah, ni imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni”, musi y’inyubakwa n’ibiti vyabwo hatemba inzuzi, bazobubamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabashimiye ku vyo bakoze, na bo nyene barayishimiye ku mpera Yabageneye. Iyo, ni yo mpembo y’uwatinye gucumura ku Mana yiwe Rurema Allah.

Footer Include